Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom ! 
Uyu ni umusi ugira 10 wo gusenga. 
Uyu musi tugiye guharira no guhezagira abo twabohoje ejo.
Yeremiya 1:9-10 Maz’ Uhoraho aramvura ukuboko ankora ku munwa; Uhoraho arambarira, at’ Ehe nshize amajambo yanje mu kanwa kawe. 10 h Raba uyu musi ngushizeho kugira ubushobozi ku mahanga no ku bihugu vy’abami, bgo kurandura no gusangangura, guhonnya no gukomvomvora, bo n’ukwubaka no guteragira.
Nk’uko Yeremiya Imana yamuhaye ubushobozi bwo kurandura, guherengeteza, guhonya, gukomvomvora, kwubaka no guteragira, niko Imana yashize ububasha ku ndimi zacu.
Imigani 18:21 Urupfu n’ubugingo biri mu bubasha bg’ururimi,Kand’ abarukunda bazorya ivyo rwamye.
Turizeye ko ejo abo twabohoje Imana yumvise ugusenga.
Kubera ko twizeye abo bantu twabohoje uyu musi mu miryango baboneka nk’abahebwe, bakoze amakosa menshi, baragoye abandi, ariko baguma ari abacu.
Uyu musi tubabarire naho ata mbabazi basavye, tubahezagire, tubatureko ubuzima, ingeso nziza zinyuranye n’izo barimwo, tubateragiremwo ivyiza badafise kandi dusenge twizeye ko Imana ibikora kubw’ijambo ryayo.
Yesaya 61:11 Nk’ukw isi ibaduka ibimeze, n’indimiro imeza ivyayitewemwo, uko ni k’Umwami Uhoraho azomeza ukugororoka n’ishimwe imbere y’amahanga yose.

 

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading