Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom!  
Uturorero tw’ababonye Imana kubw’umutima utanduye.
1 . Zakayo.
Luka 19:1-10 Ashika i Yeriko, arikw arahaca. 2 Har’ umuntu yitwa Zakayo, yar’ umutozakori mukuru, kandi yar’ umutunzi. 3 Ageza kuraba Yesu, ngw amenye ukw asa, bimwankira kubg’ ishengero, kuko yari mugufi. 4 Arirukanga, aja imbere, yurira igiti citwa umusukomora ngw amurabe, kuko yagira ace mur’ iyo nzira. 5 Yesu ahashitse, ararangamiza, aramubarira, ati Zakayo, ururuka vuba, kuk’ uyu musi nkwiye kurara i wawe. 6 Yururuka vuba, amwakirana akanyamuneza. 7 a Babibonye, bose baridodomba, bati Ko yinjiye kurarira umuntu w’umunyavyaha! 8 b Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Raba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane. 9 c Yesu amuvugako, at’ Uyu musi agakiza gashitse mur’ iyi nzu, kuk’ uyu na we ar’ umwana wa Aburahamu. 10 d Kand’ Umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.
Zakayo, umutozakori kandi w’umutunzi, yagize umutima wifuza kuraba Yesu ngo amumenye ata kindi kintu amuronderako.
Uwo mutima wahimbaye Yesu ku buryo yamwiyeretse aca ahitamwo no kuja kurara iwe atitaye ko ari umunyavyaha kandi azwi nabi mû kibano kuko abantu baridodomvye babonye Yesu agiye iwe.
Uwo mutima washikanye Zakayo ku kwihana no guhinduka umwana wa Aburahamu.
Umutima utanduye niwo utuma twemerwa n’Imana.
2. Yosefu
Matayo 1:18-25 Ukuvuka kwa Yesu Kristo kwabaye gurtya: nyina Mariya yar’ akowe na Yosefu ataramurongora bamubona afise inda yavuye kuri Mpwemu Yera. 19 Ariko Yosefu, umugabo wiwe, kukw ar’ umugororotsi, kandi kukw atagomvye kumutetereza, yiyumvira kumubengera mu mpisho. 20 Akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana amwiyerekera mu nzozi, aramubarira, ati Yosefu, mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya umugeni wawe, kukw atwaye inda ya Mpwemu Yera. 21 m Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uz’ umwite YESU, kukw ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo. 22 n Ivyo vyose vyabaye birtyo ngw ivyo Umwami Imana yavugiye mu kanwa k’uwavugishwa na we biboneke, 23 ngo Raba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe. 24 Yosefu yikanguye aravyuka, agira nk’uk’ umumarayika w’Umwami Imana yamubariye, arongora umugeni wiwe. 25 o Kandi ntiyigera amwegera gushitsa aho yavyariye umwana w’umuhungu; araheza amwita YESU.
Yosefu abonye ko Mariya afise inda, yashatse kumubengera mû mpisho.
Ariko umumalayika amaze kumuzako akamusobanurira ivyerekeye iyo nda, akamubwira n’uko akwiye kuvyifatamwo, Yosefu yaciye akora nk’uko abwiwe, yemera kubana na Mariya.
Umutima wiwe nta kindi war’ugamije atar’ugutahura no gukora ivy’Imana ishaka kuko yar’umugororotsi.
Imana irazi imitima yacu, iduhe kuyirinda gose kuko niho hubakiye ukubon’Imana kwacu.
Imigani 4:23 Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose, Kukw ari ho ubugingo bududubiriza.

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit

Loading