Shalom!
Uyu musi turabire hamwe, ibiba iyo Imana ishiz’ahabona ubutunzi yadushizemwo.
1. Abantu barabohoka.
Ivyakozwe n’Intumwa 3: 8 “ arabaduka arahagarara, atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka yitera hejuru, ahimbaza Imana:“
Uwaramugaye yaramugurutse, atangura gutambuka yiterera hejuru. Ivyari vyaranse birakunda.
2. Imana irahimbazwa.
Ivyakozwe n’Intumwa 3:9 “abantu bose babona atambuka ahimbaza Imana, 10 bamenya kw ari we yahora yicara kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza asegerereza; barumirwa cane, batangazwa n’ibimubayeko.“
Ababony’ibibaye bose, barahimbaj’Imana kubwo gutangara no kwumirwa.
Iyo duciye bugufi Imana ikigaragaza biciye muri twebwe, abantu barabohoka, Imana nayo igashirwa hejuru kandi iki nico Imana itugombako: kwama na ntaryo dutuma izina ryayo rishirwa hejuru muvyo dukora no muvyo tuvuga.
Abo i kolosayi 3:17 “Kand’ ivyo muzokora vyose, mu majambo no mu bikorwa, muhore mubikora vyose mw izina ry’Umwami Yesu, mushima Imana Data wa twese kubg’ uwo.“
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO