Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Uyu musi turabire hamwe, ibiba iyo Imana ishiz’ahabona ubutunzi yadushizemwo.

1. Abantu barabohoka.

Ivyakozwe n’Intumwa 3: 8  arabaduka arahagarara, atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka yitera hejuru, ahimbaza Imana:

Uwaramugaye yaramugurutse, atangura gutambuka yiterera hejuru. Ivyari vyaranse birakunda.

2. Imana irahimbazwa.

Ivyakozwe n’Intumwa 3:9 abantu bose babona atambuka ahimbaza Imana, 10 bamenya kw ari we yahora yicara kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza asegerereza; barumirwa cane, batangazwa n’ibimubayeko.

Ababony’ibibaye bose, barahimbaj’Imana kubwo gutangara no kwumirwa.

Iyo duciye bugufi Imana ikigaragaza biciye muri twebwe, abantu barabohoka, Imana nayo igashirwa hejuru kandi iki nico Imana itugombako: kwama na ntaryo dutuma izina ryayo rishirwa hejuru muvyo dukora no muvyo tuvuga.

Abo i kolosayi 3:17 Kand’ ivyo muzokora vyose, mu majambo no mu bikorwa, muhore mubikora vyose mw izina ry’Umwami Yesu, mushima Imana Data wa twese kubg’ uwo.

Umusi mwiza ! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading