Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Turabire hamwe umurwi ugira 2 Yesu yatumweko. 
Luka 4:18b ngo Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza: Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe,
” _guérir ceux qui ont le cœur brisé  
Umutima umenetse ni umutima wicishije bugufi, umutima udafukafuka ariko umutima wemera ubukene bwawo.
Imitima nk’iyo niyo Yesu yaje gukiza kuko niyo mitima Imana ishobora kubamwo nk’uko Yesaya yabivuze.
Yesaya 57:15 Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hera, kandi mbana n’ufise umutima umenetse wicisha bugufi , kugira ngo mpembure imitima y’abicisha bugufi, mpembure n’abafise imitima imenetse.
Imitima nk’iyo yicishije bugufi kandi imenetse, Imana irayihembura ” afin de vivifier l’esprit des humbles, et afin de vivifier ceux qui ont le cœur brisé.”
Mucazanye Yesu mw’isi n’ukugira imitima yacu ibe mizima natwe tube bazima. Tumwemerere abikore buri musi.

 

Pasteur Cassien NIKO

Loading