Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Uyu musi turabe insobanuro y’umuco w’ijambo ry’Imana !

1. Yesu we nyene niwe jambo.

Yohana 1: 1 Ubga mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana, kand’ uwo Jambo yar’ Imana.

Yohana 1:14 Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri“.

Iyo dusoma Bibiliya tuba turiko dusoma ubuzima bwa Kristo yabayeho ngo atuber’akarorero k’ubuzima butagir’icaha.

Abaheburayo 4:15 Kuk’ umuherezi mukuru dufise, atar’ udashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze.”

2. Yesu nyene niwe muco.

Yohana1:9 Umuco w’ukuri, wakira umuntu wese, warik’ uraza mur’ iyi si.

3. Yesu wenyene niwe nzira.

Yohana 14:6 Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.

Uyu musi dufise ubuzima bwa Kristo nk’icitegererezo cacu. 

Ikibazo twokwibaza uyu musi: Mbega ndiko ndamwigirako? 😀 

Umusi mwiza! 

Pasteur Cassien NIKO 

 766 total views,  8 views today

Leave a comment