Shalom!
Insobanuro yo kwiyambura ibituremera n’ivyaha.
Matayo 11:28-30 “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura; 29x mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu. 30y Kukw ingata yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse.“
Kwiyambura ibituremera n’ivyaha bitwizingiriyeko ni kubijana kuri Yesu mu gufata akanya ko kubimubwira biciye mu gusenga.
Isezerano yarariduha mu mutumiro yatanze mur’iyo mirongo yo hejuru ko uwufise ibimuremeye yobimushira hanyuma akaruhuka.
Kuri Kristo honyene niho hari uburuhukiro bw’umutima. Nta mvo nimwe rero twogumana imitima iremerewe kandi hariho uwadutumiye ko yoturemurura kandi abishoboye cane!
Nuko rero duhitemwo kudasubira kuremerwa ukundi ariko tweger’aho ari aturuhure.
Abaheburayo 4:16 “Nuko ni twegere intebe y’ubuntu dushize ubgoba, kugira ngo turonke ikigongwe, tubone ubuntu bgo kudutabara mu gihe gikwiye.“
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO