Shalom!
Uyu n’umusi ugira 8 wo gusenga. Kandi dutanguye iyinga rishasha.
Iri yinga rikaba ari iryo gusengera imiryango yacu.
Abanyefeso 3:14-21 “Ni co gituma mpfukamira Data wa twese, 15 uwo imiryango yose yo mw ijuru n’iyo mw isi yitirirwa, 16 l ngw abahe, nk’ukw itunga ry’ubgiza bgiwe riri, kuremeshwa n’ubushobozi imbere mu mitima mubihawe na Mpwemu wiwe: 17 m Kristo abe mu mitima yanyu kubg’ ukwizera; kugira ngo mugize imizi ishinzwe mu rukundo, n’amabuye y’itanguriro arwubatswemwo, 18 n mugire inkomezi zibashoboza gutahurira hamwe n’abera bose uburebure bg’ubgaguke n’ubg’ amakika n’ubg’ igihagararo n’ubg’ amajepfo ubg’ ari bgo, 19 o mumenye urukundo rwa Kristo ruruta uko rwomenywa; ngo mubone kunengeserezwa mushitse ku kunengesera kw’Imana kwose.
20 p Nukw Ishobora gukora ibirengeye cane ivyo dusaba n’ivyo twiyumvira vyose, nk’uk’ ubushobozi bgayo budukoreramwo buri, 21 icubahiro kibe icayo mw ishengero no muri Kristo Yesu, kugeza ku buzukuruza bose b’ibihe bitazoshira. Amen.“
Imana ni Data wa twese, kandi imiryango yose ni iyiwe kandi ayirimwo nka Data.
Imana irifuza ko urukundo rwayo rwogaragarizwa mû miryango ku rugezo haba kunengeserezwa no kunengesera kw’Imana kwose!
Kandi iyi Mana yitwa Data wa twese tumenye ko ishoboye kubikora, tuyakire mû miryango yacu ikore!
Umusi mwiza n’indwi nziza!
Pasteur Cassien NIKO