Shalom!
Uyu n’umusi ugira 5 wo gusenga.
Dusab’Imana kuba abantu bashobora kwakira ibihe bishasha.
Yesaya 43:18-19“ati Mwoye kwibuka ivya mbere, kandi ntimwiyumvire ku vya kera. 19 n Ehe ngira nkore ikintu gisha: ko kigira giseruke ubu, mbega ntimuzokimenya? Nzoca inzira no mu bugaragwa, ntembeshe inzuzi ahagadutse.“
Turi mu gihe Imana igomba kuzana ibintu bishasha kandi abo igiye gukoresha n’abantu batubakiye ku migenzo y’idini canke ku kamenyero, ariko ikeneye abantu buzuye ijambo ryayo kandi buzuye Mpwemu Yera.
Abaroma 7:6“Ariko noneho ntitukiganzwa n’ivyagezwe, kuko twapfuye ku camye kidufashe, ni co gituma tuba abagurano, dukorera Mpwemu adukoresha uburyo busha, tudakoreshwa bga buryo bga kera bg’inyuguti.“
Igihe Yesu yahindura amazi umuvinyu mu bukwe bw’i Kana yakoresheje ibibindi vyuzuye amazi naho vyagaragara nk’ibintu ataco bimaze mu migenzo y’abayuda kuko vyakoreshwa mu kwihumanura. Yohana 2:6-8
Tugeze mu gihe Imana igiye gukoresha abantu buzuye umutima w’Imana, abantu bahindutse biteguye kwakira ibishasha.
Mariko 2:22″Kandi nta wotara umutobe wa vino mu mikuza y’insato ibombotse; kuko vino yoturitsa iyo mikuza, vino n’imikuza bigapfana. Arik’ umutobe wa vino bawutara mu mikuza misha.“
Tureke Imana itugire bashasha ngo twakire ibihe bishasha Imana ituzanyeko.
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO