Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom!

Uyu n’umusi ugira 4 wo gusenga.

Dusenge twakira kurabwa neza ( faveur) mu miryango. 

Yesaya 61:1c-4yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe; 2 c ngo mmenyeshe abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho, n’umusi wo kwihora w’Imana yacu; ngo nirure abagandaye bose, 3 d ngo nshirireh’ abagandaye i Siyoni igitsibo mu gishingo c’umunyota, ndabahe n’amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye; kugira ngo baze bitwe ibiti vy’ukugororoka, imyeloni yatewe n’Uhoraho, ngo bimutere icubahiro. 4 e Nuko bazokwubaka ahar’ imisaka kera, bahagarike ahasanganguwe ubga mbere, kandi bazosubira kuvyura ibisagara vyasenyutse, ivyamaze ibihe vyinshi ar’ imisaka.

Imana yagendeye umuryango wa Aburahama, Sara arasama inda avyara afise imyaka 90 Itanguriro 21:1-7, yagendeye Hana, imukiza ubugumba aronka Samweli 1 Samweli 1:20, Yesu yagendeye Mariya na Marita Lazaro yapfuye arazuka ( Yohana11:1-44),…..

Natwe dusenge, ababuze uruvyaro mu miryango yacu faveur ihashike baronke uruvyaro, abo vyanse ko bubaka bubake, imigenderanire yari yarapfuye isanurwe, ababaye ibigaba bahinduke,…..

N’igihe co kugendererwa n’Imana muze dusenge twizeye kandi dusengere mw’ijambo ry’Imana.

 

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

 49 total views,  1 views today

Leave a comment