Shalom!
Uyu n’umusi ugira 3 wo gusenga. N’umusi wo kwinjiza ivy’akamaro mû mitima yacu.
Ab’i Kolosayi 3: 12-16 “Nuko rero, nk’uko bibereye abatoranijwe n’Imana bera bakundwa na yo, mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana, 13 l mwihanganirana, muharirana, iy’ umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uk’ Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana. 14 m Ikigeretse kur’ ivyo vyose mwambare urukundo, ni rwo mugozi uzana gutungana. 15 n Kand’ amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu, ayo mwahamagariwe ngo mube umubiri umwe: kandi mube abama bakenguruka. 16 o Ijambo rya Kristo ribe muri mwebge rigwiriye, ririmw’ ubgenge bgose: mwigishanye, muhanurane, muririmba zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmbire Imana mu mitima yanyu mubiheshwa n’ubuntu bgayo.“
Ejo har’ivyo twishe mû mitima yacu bikiri mw’isi. Uyu musi dusab’Imana yuzuze mû mitima yacu, ikigongwa, ineza, guharirana, amahoro, uguharira, ubwenge, umunezero, ijambo ryayo,….
Iri sengesho riratomoye kuko rihuriranye n’ubugombe bwayo. Kandi iyo dusavye ibihuriranye n’ubugombe bw’Imana ni mpaka Imana ibikore.
1 Yohana 5:14-15 ”Kand’ ubu ni bgo bushizi bg’ubgoba dufise kuri yo, n’ukw iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ivy’ igomba, itwumva. 15 Kandi ko tuzi yuko yumva ico dusavye cose, bitumenyesha yuko duhawe ivyo tuyisavye.“
Duhe akaryo Imana ko kudushiramwo ivyo yifuza kugira bwa buzima bwo kubaho tuyinezereza tubushikeko.
Ab’I kolosayi 3:17 “Kand’ ivyo muzokora vyose, mu majambo no mu bikorwa, muhore mubikora vyose mw izina ry’Umwami Yesu, mushima Imana Data wa twese kubg’ uwo.“
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO