Shalom !
Uyu ni umusi ugira 9 wo gusenga.
Uyu musi tugiye kubohoza abacu bafashwe mpiri n’umwansi Satani.
Itanguriro 14: 12-16 “e Bahitana na Loti umuhungwabo wa Aburamu, yaba i Sodomu, hamwe n’ibintu vyiwe, baraheza barigira.
Aburamu akura Loti mu maboko y’abansi
13 Haza umwe mu bahunze, abibarira Aburamu Umuheburayo: yaba i ruhande y’ibiti vy’imyeloni vy’Umwamori yitwa Mamure, mwene wabo wa Eshikoli na Aneri; kand’ abo bari bifatanije na Aburamu. 14 f Aburamu yumvise yuk’ uw’ i wabo yafashwe mpiri , ajana abanyarugo biwe bize kurwana, bavukiye i we, amajana atatu n’icumi n’umunani, barabakurikira, babahambiriza i Dani. 15 Aburamu ahenga mw ijoro, abantu biwe abacamw’ ibico, barabatera barabanesha, barabakinagiza gushitsa i Hoba, ahahera i bumoso bg’i Damasiko. 16 g Agarura ibintu vyose, agarura n’uw’i wabo Loti, n’ibintu vyiwe, n’abagore n’abakobga na bo, n’abandi bantu .“
Loti yari umuhungwabo wa Aburamu. Igihe Aburamu yashikirwa n’amakuru ko umuhungwabo yafashwe mpiri agatwarwa nk’inyagano n’abari baje gutera Sodomu na Gomora, yaciye atonda urugamba aza kumurokora kandi yarabishitseko.
Natwe turafise abacu uyu musi Satani yagize inyagano, uyu musi bariko barononekarira mû buja bwa Satani.
Ni akaryo keza ko gutonda urugamba rwo mû buryo bw’impwemu, tugasenga, tukababohoza kandi twizeye birakunda.
2 Abo i korinto 10:3-5 “Naho turi n’umubiri ntiturwana mu buryo bg’umubiri, 4 c kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ ivyo mu buryo bg’umubiri, arikw imbere y’Imana bifise ubushobozi bgo gushingura akarimbi, 5 dushingura impari n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana, dufata mpiri ivyiyumvirwa mu mitima vyose, ngo tubigomorere Kristo.“
Ubushobozi turabufise muze tubukoresha tubohoza abacu.
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO