Shalom!
Uyu ni umusi ugira 25 wo gusenga.
Dusabe Imana kubohoka ku bintu twahaye agaciro mu buzima bwacu bikatubuza kumenya Kristo.
Abo i Filipi 3:7-11 “Arikw ivyahora bimbera inyungu ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe kubga Kristo. 8 Eka mbere n’ibintu vyose ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe, kubg’ ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje. Kubg’ uwo nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira kw ar’ ishano, kugira ngo ndonke Kristo, 9 g kandi mboneke ko ndi muri we, ntafise ukwanje kugororoka, kumwe kuva mu vyagezwe, ariko mfise kumwe kuzanwa no kwizera Kristo, ni kwo kugororoka kuva ku Mana, guhabga uwizeye, 10 h ngo ndamumenye, mmenye n’ubushobozi bg’ukuzuka kwiwe, n’ugufatanya na we imibabaro yiwe, nshushanywe n’urupfu rwiwe, 11 i ngo kumbure nshike ku kuzuka kw’abapfuye.“
Birashika mû buzima bwacu tugakurikira Yesu muga tugifise ibintu bidufitiye inyungu kuburyo inyugu z’Imana ziza mû nyuma.
Ivyo bikimeze uko, ubuzima bwacu bw’Impwemu buzoguma bufise akarimbi. Hari aho tutazokwigera dushika.
Biradusaba rero kugera ku rugeza rwo kwemera kubihomba kugira Kristo abe ikibirengeye, tumumenye, tumenye ubushobozi bwiwe, tube abifatanije nawe vy’ukuri. Niho tuzoba turiko turaha agaciro icatumye adupfira.
2 Abo i korinto 5:15 “Kand’ icatumye apfira bose kwar’ ukugira ngw abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye, akabazukira.“
Imana idushoboze kutarondera kwinezereza ariko tunezereze uwatubambiwe imbere ya vyose!