Shalom!
Uyu ni umusi ugira 24 wo gusenga.
Dusabe Imana kubohoka kuri kahise kabi kugira twubake kazoza.
1 Ngoma 22:6-10 “Maz’ ahamagara umuhungu wiwe Salomo, amubarira kuzokwubakira ingoro Uhoraho Imana y’ Abisirayeli. 7 f Aramubarira, ati Mwana wanje, nari mbisanganywe mu mutima kuzokwubakira ingoro izina ry’Uhoraho Imana yanje. 8 g Arikw ijambo ry’Uhoraho rinzako, riti Wavishije amaraso menshi, kandi warwanye intambara zihambaye: riti None ntuzokwubakira ingoro izina ryanje, kuko wavishije amaraso menshi kw isi imbere yanje . 9 i Riti Raba uzovyara umwana w’umuhungu, azoba umunyamahoro, riti Kandi nzomuha kuba impore hagati y’abansi biwe bose bamukikije; kukw izina ryiwe azokwitwa Salomo h; riti Kandi nzoha Ubgisirayeli amahoro n’umutekano ku ngoma yiwe. 10 j Riti Ni we azokwubakira izina ryanje ingoro; riti Kand’ azoba umwana wanje, nanje nzoba se; riti Kandi nzohamangira intebe yiwe mu Bgisirayeli ibihe vyose.“
Dawidi Imana ntiyamwemereye kumwubakira ingoro kubera kahise kiwe. Aho hari mw’isezerano rya kera
Ariko twebwe abo mw’isezerano rishasha nta mvo nimwe yotuma kahise kabi katuzibira mu gutunganya kazoza keza kuko Kristo amaze kuduharira ntasubira kuturabira mu vyakera, vyose biba ari bishasha.
2 Abo i Korinto 5:17 “Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bishasha.”
Uwushaka kutwugaranira muri Kahise kabi ni Satani, twiyambure ibinyoma vyiwe, twakire isezerano rishasha, dushike ku nzozi nziza za kazoza keza twateguriwe muri Kristo Yesu.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO