Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom !  
Uyu ni umusi ugira 19 wo gusenga.  
Dusenge Imana iduhe umutima unezererwa ko abandi bagirirwa neza na Yesu.
Matayo 20:29-34 Bakiva i Yeriko ishengero ryinshi riramukurikira. 30 o Impumyi zibiri zari zicaye i ruhande y’inzira, zumvise yuko Yesu ahaciye ziratakamba, ziti Mwami, mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi. 31 Ishengero rirazizibiranya ngo zihore. Zirushiriza gutakamba, ziti Mwami, mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi. 32 Yesu arahagarara, arazihamagara, arazibaza, ati Mugomba ko mbakorera iki? 33 Ziti Tugomba kw amaso yacu ahumuka Mwami. 34 Yesu azigirira akagongwe, akora ku maso yazo, zica zirahumuka, baramukurikira.
Izi mpumyi zibiri zarashaka ko Yesu azihumura. Ariko Ishengero ryari iruhande ya Yesu aho kuzifasha kuzivugira kuri Yesu, barazizibije ngo zihore.
Icazitabaye wabaye umwete wazo wo gukomeza zisemerera n’umutima wa Yesu utirengagiza abamuronderana imitima yabo yose.
Abantu benshi barikunda, bakibagira ko icatumye baba abakristo ari kugira bashikane benshi kuri Kristo kubasengera, no kubabwira inkuru nziza ko Yesu abakunda kandi bakabasha kumushikira biciye mû kumwakira nk’Umwami n’Umukiza wabo.
Dusab’Imana umutima nk’uwari muri Kristo Yesu, yahaye ikibanza abariko barazibizwa akabakiza, nabo bakamukurikira.
Abo i Filipi 2:5 Mugire wa mutima muri mwebge wari muri Kristo Yesu.

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit

Loading