Shalom!
Uyu ni umusi ugira 12 wo gusenga.
Uyu musi tugiye gusengera gukingirwa kw’imiryango.
Guharura 6:22-27 “Uhoraho abarira Mose, 23o ati Barira Aroni n’abana biwe, ut’ Uku abe ari ko muzohezagira Abisirayeli: muze muvuge, 24 p mut’ Uhoraho aguhe umugisha, akuzigame; 25 q Uhoraho akumurikishirize mu nyonga hiwe, akugirire neza; 26 r Uhoraho akurabe neza, aguhe amahoro . 27 s Ukw abe ari ko bashira izina ryanje ku Bisirayeli; nanje nzobaha umugisha.“
Abaherezi basabwa gusabira aba Isirayeli kuzigamwa kandi Imana yarabikora.
Reka natwe mur’iyi ndwi yo gusengera imiryango dusengere kuzigamwa mû miryango.
Turi mû mpera z’umwaka, tuzitirize abacu barindwe impanuka, babe mû bwihisho aho abarozi n’abatanga ibimazi kwa Satani badashobora kubashikira, tuze dutangurane umwaka amashimwe, dushima Imana yatuzigamye, abari kure n’abari hafi.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO