Shalom !
Uyu ni umusi ugira 12 wo gusenga.
Turakomeza gusengera igihugu twerekeza amasengesho ku bagabo kuko akenshi ingingo bafata zigira ingaruka nziza canke mbi ku miryango barongoye.
Duca tubifatanya no gusengera ingingo zose zifatwa mû gihugu kugira hafatwe ingingo zitagira ingaruka mbi ku miryango no ku bantu bose baba mu gihugu.
Guharura 16:1-3″Kora mwene Isihari, Isihari wa Kohati, Kohati wa Lewi, agararizanya na Datani na Abiramu bene Eliyabu, na Oni mwene Peleti, bo mu ba Reyubeni. 2 Bakurira hasi Mose, bafatanije na bamwe mu Bisirayeli b’abakuru b’ishengero amajana abiri na mirongwitanu, abar’ imbere mw ikoraniro, ba rurangiranwa. 3 a Bikoraniriza hamwe kurwanya Mose na Aroni, barababarira, bat’ Ivyanyu biratunaniye! Ereg’ ishengero ryose n’iryera, iyo bava bakagera, kand’ Uhoraho ari muri bo: none n’iki gituma mwishira hejuru y’ikoraniro ry’Uhoraho?”
Ingingo aba bagabo batatu bafasha yo kugarariza Mose yatumye uburake bw’Uhoraho buziriringa, bo n’ivyabo vyose, isi irasama irabamira bakibona.
V30 -33″Arik’ Uhoraho ni yakora ikintu c’inzeduka, isi ikasama, ikabamirana n’ivyabo vyose, bakamanuka i kuzimu bakibona, muca mumenya yukw aba bantu bakengereye Uhoraho.
31 l Agiheza kuvuga ayo majambo yose, aho nyene bahagaze isi irasaduka, 32 m irasama, ibamirana n’ingo zabo, n’abantu bose ba Kora, n’ibintu vyabo vyose. 33 Nuko bo n’ivyabo vyose bamanuka i kuzimu, isi ibarengako, bararanduka, bazimangana mur’ iryo shengero.”
Dusabe Imana iturinde ingaruka mbi z’ingingo zifatwa n’abakuru b’imiryango.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO