Shalom !
Turangiz’iri yinga, uyu musi ube uwo gusenga ngo dukanguke no kwakira umuco mu nzira zacu.
Zaburi 43:3-5 ” N’urungike se umuco wawe n’ukuri kwawe, bindongore:
Binjane ku murwa wawe wera, No mu mahema yawe. 4 Maze nzoja ku gicaniro c’Imana ,
Ku Mana, ni yo munezero uzana ibinezaneza vyanje; Ngutazirishe inanga, Mana, wewe Mana yanje. 5 d Mutima wanje, n’iki gitumye wicurikira? N’iki gitumye umpagararamwo? Ni wishimire Imana, kuko na none nzosubira kuyihimbaza, Ni yo gakiza ko mu maso hanje, n’Imana yanje.“
Umuco n’ukuri biragendana kandi nivyo dukeneye mur’iyi misi kugira tugende nk’abanyabwenge tubon’ibintu nk’uko Imana ibibona kubwo kumurikirwa n’ijambo ry’Imana.
Abanyefeso 5:15-17 “Nuko mwirinde cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge, 16 mugura uburyo mubugwiza, kukw imisi ari mibi. 17 n Nuko ntimube ibipfu, ariko mutahure ivy’ Umwami wacu agomba ivy’ari vyo.“
Week-end nziza!
Pasteur Cassien NIKO