Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Uyu musi turabire hamwe insobanuro y’icaha gikunda kutwizingirako vuba. 
Abaheburayo 12:1″ Nuko natwe, ko dukikijwe n’igipfungu c’ivyabona kingana girtyo, twiyambure ibituremera vyose, n’icaha gikunda kutwizingirako vuba , dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye,
Icaha gikunda kwizingira ku muntu vuba ni kirya caha curirira ku ntege nke z’umuntu ( son point faible).
Kamere zacu ziratandukanye, umuntu wese akwiye kwimenya aho agoyagoya cane kuko aho niho agomba kwitwararika cane kugira yirinde icotuma arwa mu caha, imigenderanire yiwe n’Imana igapfa.
Icaha naco gituma umuntu atakaza amahoro, akagira umutekano muke mu mutima kugeza yatuye icaha ciwe akihana akitatura n’Imana.
Yesaya 48:22 Nta mahoro y’abanyavyaha, ni k’Uhoraho agize .
Uburyo bwo kuvyiyambura ni bumwe ni ukurondera kwuzura Mpwemu Yera.
Abo i Galatiya 5:16 Ndavuga nti Mugendeshwe na Mpwemu, ni ho mutazoshitsa ivy’ akameremere kanyu kifuza.
Ikindi n’ukwirinda.
1 Petero 1:13-15 Nuko rero mukenyere mu mitima yanyu, mwirinde ibiboreza, mwizigire rwose ubuntu muzozanirwa mu kuzohishurwa kwa Yesu Kristo. 14 n Mumere nk’abana bagamburuka, ntimwishushanye n’ukwifuza kwanyu kwa kera kwo mu gihe c’ukutamenya kwanyu. 15 Ariko nk’ukw Iyabahamagaye ar’ iyera, namwe abe ari ko muba abera mu ngeso zanyu zose.

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading