Shalom!
Uyu musi turabe insobanuro ya Yubile.
Abarewi 25:10 “Muze murobanure uwo mwaka ugira mirongwitanu, mutangaze mu gihugu cose ko habaye umwidegemvyo w’abantu bose bo muri co: uwo mwaka uz’ ubabere uwa yubile; umuntu wese muri mwebge aheze agaruke mw itongo ryiwe, kand’ umuntu wese agaruke mu b’i wabo.“
Nk’uko tubisoma war’umwaka ugira ugira 50, inyuma y’imyaka y’indwi y’amasabato kuko umwaka wose w’indwi war’uwakaruhuko.
Umwaka wa Yubile havuzw’inzamba, igihugu cose kigatangarizwa umwidegemvyo, uwanyazwe agasubizw’ivyiwe, ababaye inyagano bagasubira mû miryango yabo.
Yubile cari igihe, iri jambo rikaba rije kudutangariza kutumenyesha ko Kristo ariryo tangazo yazanye mw’isi kugira tumwizeye twidegemvye, dusubizwe ivyacu Satani yivye.
Yohana 10:10 “Igisuma ntikizanwa n’ikindi, atar’ ukwiba, n’ukwica, n’ugutikiza; nanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busagutse.“
Satani n’umusuma, ariba, akica, agatikiza, ariko Yesu yaje gutanga ubugingo busagutse.
Uyu musi twizere, twongere Kristo yugurure ibihe vyo kugarukanirwa ivyo twanyazwe n’umwansi satani impande zose( mû buzi, mû miryango, mû kibano,…)
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO