Shalom!
Uyu musi turabe icambere cazanye Kristo yavuzeko.
” Kubwira aboro ubutumwa bwiza “
Luka 4:18a “ngo Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza:“
Aboro bar’abantu bakeneye cane ukugira neza kw’Imana. Aba n’ikigereranyo c’abantu banyotewe Imana mû buzima bwabo. Yesu yaje kugira bahazwe mu mitima yabo kuko kristo yaje azanye ubutumwa bw’ubwami bw’Imana.
Matayo 5:3 “ati Hahirwa aboro mu mitima yabo, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubgabo.“
Umworo kenshi arangwa n’inzara nico gituma Imana yari yarashizeho itegeko mû bisirayeli rikingira aboro.
Abalewi 19:10 “Ntimuze muhumbe mu mirima y’imizabibu yanyu, canke ngo mutore izahungurukiyeyo: muze mubisigarize aboro n’abanyamahanga: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.“
N’uyu musi Kristo arakeneye imitima yacu kugira ayikuremwo ibiyuzuye bibi, aheze ayuzuzemwo Mpwemu Yera kugira imitima yacu ihinduke nk’amasoko avamwo ivyiza.
Yohana 7:37-38 “Nuko ku musi uherukira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera, ati Namba har’ ufise inyota, n’aze kuri jewe, anywe. 38 y Unyizera, inzuzi z’amazi y’ubugingo zizotemba ziva mu nda yiwe, nk’ukw ivyanditswe bivuga“
Ikibazo twokwibaza uyu musi: Mbega ndacafise inyota y’Imana muri jewe?
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO