Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

shalom!

Uyu musi turabe ibigaragaza ko ubuntu bwakiriwe.

1. Umutima wo guhimbaza.

Luka 1:46-55″Mariya aravuga, at’ Ubugingo bganje butazira Umwami Imana,
47 Umutima wanje unezererewe Imana Umukiza wanje: 48 v Kuko yabonye ubufafara bg’umugurano wayo, Kand’ uhereye none, ab’ibihe vyose bazonyita umuhirwa. 49 w Kukw Iy’ ubushobozi inkoreye ibikomeye, Kand’ izina ryayo n’iryera. 50 x Imbabazi zayo ziri ku bayubaha ku buzukuru no ku buzukuruza-kuruza babo: 51y Yerekanishije ubushobozi ukuboko kwayo, Yasabagije abibona mu vyo biyumvira mu mitima yabo. 52 z Yirukanye abaganza ku ntebe zabo,
Yashize hejuru abafafara. 53 a Abashonje yabahagije ivyiza, Yirukanye abatunzi bagenda imvumure. 54 b Yatabaye Isirayeli umusavyi wayo, Maze ngw imbabazi zayo izibuke, 55 c Nk’uko yabgiye ba sogokuruza, Kuzigirira Aburahamu n’uruvyaro rwiwe, ibihe bidashira.”

Mariya amaze kwumva, kwemera no kwakira igikorwa Imana igiye gukora muri we kubw’ubuntu bwayo gusa, yararengewe n’umunezero mû mutima, akanwa kiwe gatangura guhimbaza Imana.

Uyu musi nico cari kidukwiriye turiko turaba ubuntu bw’Imana bwatubayeko aya mezi yose arenganye, tukarimbura ku kugira neza kw’Imana, ivyo yadukoreye tutari tubikwiriye.

Icari gikwiye kududubiza n’indirimbo z’amashimwe gusa, tukaba mû ndirimbo nsha, ubugingo bwacu bugahimbaz’Imana.

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading