Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Uyu n’umusi ugira 32 wo gusenga.

Uyu musi tugiye kwibutsa Uhoraho Ivyo yadusezeraniye bitarashika.

Yesaya 62:6-7  “Ewe Yerusalemu, nshize abashibamyi hejuru ku nzitiro zawe z’amabuye; nta ho bazocereza ku murango no mw ijoro; yemwe abibutsa Uhoraho ntimukaruhuke, 7 g kandi na we ntimwemere kw aruhuka, gushitsa ah’ azovyurira Yerusalemu, akahahindura ishimwe mw isi.

Isezerano rirateramirwa kandi rikishuzwa kugeza rishitse. Uburyo bwo kuriteramira ni ugusenga no kwumviriza ic’Imana ivuga umuntu akagikora.

Habakuki 2:1 Nzohagarara nshibamye, nje ku munara wo gushibamako, nkenguze ndabe ico aribumbarire, n’ico ndibumwishure, ku vy’amaganya yanje

Uburyo bwiza bwo gusenga umuntu yibuts’Imana ico yavuze kuko Imana irubaha cane ijambo ryayo. Imana ntiyishura amajambo yacu yishura ijambo ryayo.

Uyu musi dushimir’Imana ibimaze kuba, tuyibutse ibisigaye tutarabona. 

Umusi mwiza! 

Pasteur Cassien NIKO  

Loading