Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Uyu musi tugiye kurabira hamwe ingaruka z’ivyo twibwira.

1. Iyo ari vyiza bigira ingaruka nziza.

Luka 15:20-24 20 Ava hasi, aja kwa se. Se amubona akiri kure, amutera akagongwe, arirukanga, amugwa mw izosi, aramugumbira. 21 Wa muhungu aramubgira, ati Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe, singikwiye kwitwa umwana wawe. 22 Maze se abarira abashumba biwe, ati Ni muzane n’ingoga imvune iruta izindi, muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke n’inkweto mu birenge, 23 muzane ya shuri inuze, muyibage, turye tunezerwe: 24 h kuk’ uyu mwana wanje yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse . Nuko batangura kunezerwa.

Umwana w’icangazi agarutse kwa se, yakiranywe umunezero mwishi. Asubizwa uburenganzira yari yariyatse. Abona ibirengeye ivyo yari yibwiye, agarukana umunezero yari yatakaje.

2. Ukwibwira nabi kugir’ingaruka mbi.

Matayo 24:48-51 Arik’ umushumba mubi ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye: 49 maz’ agatangura gukubita abashumba bagenzi biwe no gusangira n’ababorerwa; 50 shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze no mu gihe atazi: 51 f azomucamwo kubiri, amusangize umugabane wiwe n’indyarya : ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.

Umushumba mubi yibwiye nabi aca akora nabi, bituma shebuja amusangiza umugabane n’indyarya , ahereza  mû kurira.

Twiteho kugira ivyiyumviro vyiza vyubaka nivyo bitugirira ingaruka nziza. 

Umusi mwiza! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading