Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Uyu musi tugiye kurabira hamwe ibiranga Yubile.

1. Ukworoherezwa.

Abalewi 24:4-7 Arik’ umwaka ugira indwi uz’ ubere igihugu nk’isabato yo kuruhuka bihebuje, nk’isabato yo kunyubaha jewe Uhoraho: ntimuze muwurimemwo mu ndimiro zanyu, ntimuze muwututuriremw’ imizabibu yanyu. 5 Ivyimeza bikurikiye ivyo mwimbuye ntimuze muvyimburire mu bigega, canke ngo mwimbure inzabibu zo ku mizabibu yanyu idatuturiye: uwo mwaka uz’ ubere igihugu uwo kuruhuka bihebuje. 6 Mugabo, ivyo mu gihugu vyapfuye kwimeza mur’ ico gihe c’isabato yaco ni vyo bizoba ivyo kurya vyanyu, mwe n’abagurano banyu, n’abaguranokazi banyu, n’abakozi banyu b’abacangero, n’abanyamahanga baba muri mwebge; 7 kandi n’ibiragirano vyanyu n’ibikoko vyo mu gihugu canyu, ivyimeza vyaco vyose bizobibera ivyo kurya.

Uwo mwaka war’uwo gutungwa n’ivyimejeje mû ndimiro, nta kurima kwariho.

Ibi bigaragaza ingene Kristo yaje yigisha kutiganyira, ariko ko umwitwarariko wacu ukwiye kuba ubwami no kugororoka.

Matayo 6:31-33 Nuko ntimukiganyire, ngo Tuzorya iki? canke Tuzonywa iki? canke Tuzokwambara iki? 32 u Kukw ivyo vyose abanyamahanga ari vyo bitwaririka; ariko So wo mw ijuru arazi kw ivyo vyose mubikena. 33 v Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.

2. Gutegekanirizwa.

Abarewi 25:21 Mu mwaka ugira gatandatu nzobarungikira umugisha utuma haba uburumbuke bg’indya zizobatunga imyaka itatu.

Imbere y’uko Yubile ishika Imana yategekanya ibizotunga ab’isirayeli imyaka itatu.

Uko niko Imana idutegeniriza ibidukwiye kugira ntitubeho twiganyira iyo twemeye ubwami bwayo muri twebwe.

Abo i Filipi 4:19 Kand’ Imana yanje izobamara ubukene bganyu bgose, nk’ukw itunga ry’ubgiza ryayo riri ryo muri Kristo Yesu.

Et mon Dieu pourvoira à tous vos besoins selon sa richesse, avec gloire, en Jésus-Christ.”

Mû rurimi rw’igifaransa, birasobanutse neza ko Imana idutegekaniriza ivyo dukeneye.

Ico duhamagarirwa n’ukuyizera, kuyumvira no kuyikurikira muri vyose.

Umusi mwiza ! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading