Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Uyu musi tugiye kuraba inyungu zo kugira umutima umenetse.

1. Imana ibana n’umutima umenetse.

Yesaya 57:15 Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hera, kandi mbana n’ufise umutima umenetse wicisha bugufi , kugira ngo mpembure imitima y’abicisha bugufi, mpembure n’abafise imitima imenetse.

Kugira umutima umenetse nivyo vyonyene kw’isi bituma Imana ibana natwe ikatugirira neza!

2. Imana ihoz’ijisho ku mutima umenetse

Yesaya 66:2 Kukw ivyo vyose intoke zanje ari zo zabiremye, bikabahoj vyose, ni k’Uhoraho agize; arik’ umuntu w’impahazwa afise umutima umenetse, agahindishwa agashitsi n’ijambo ryanje, uwo ni we nzohozakw ijisho .

Ikintu umuntu ahozakw’ijisho n’ikintu kiba gifise agaciro. Ico kintu kirakingirwa kandi kirabungwabungwa.

Niko umutima umenetse utuma umuntu aba uw’agaciro gakomeye imbere y’Imana. Igumiz’ijisho kur’uwo muntu kugira akingirwe kandi abungabungwe n’ubushobozi bw’Iyisumba vyose.

Duhitemwo kuba ab’agaciro n’abakunzi b’Imana mû gutunga imitima imenetse

Umusi mwiza ! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading