Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Uyu musi tugiye kuraba inyifato nziza mû gihe co gutabarwa.

1. Gukora ico Yesu atubwiye.

Yohana 11:39-44 Yesu aravuga, ati Ni mukureh’ iryo buye. Marita mushiki w’uwapfuye, aramubgira, ati Mugenzi, ereg’ ubu aramaze kunuka, kw amaze imisi ine. 40t Yesu aramubgira, ati Sinakubgiye nti Ni wizera urabona ubgiza bg’Imana? 41 Nuko bakurah’ ikibuye. Buno Yesu ararangamiza, ati Data, ndagushima ko wanyumvirije. 42u Jewe nari nsanzwe nzi k’unyumviriza ubudasiba, ariko mbivugishijwe n’ishengero rihagaze ngaha, kugira ngo bizere kw ari wewe wantumye. 43 Amaze kuvuga ivyo, asemerera n’ijwi rirenga, ati Lazaro, ngwino, sohoka. 44 Uwari yapfuye arasohoka, azingiriwekw impuzu ku maguru no ku maboko, n’igitambara gipfutse mu maso hiwe. Yesu arababgira, ati Ni mumuhamburure, mumureke, agende.

Imbere yo gusenga no guhamagara Lazaro ngo ave mû mva, Yesu yasavye abari bahari gukuri ikibuye ku mva. Mariya yabanje kumera nk’uwukebura Yesu amwibutsa ko Lazaro amaze kunuka kuko atatahura ibigira bibe.

Ariko bamaze kubikora, Yesu yazuye Lazaro asubira kubaho.

Iyo dusenga duhamagarirwa kwizera gusa, ariko ntidukwiye gucir’inzira Imana kuko ifise inzira nyishi zo gutabara.

Ico duhamagarirwe n’ugukora ico Yesu atubwira naho tutoba tubitahura n’ubwenge bwacu. Iyo twumviye tuba twuguruye umuryango w’ibitangaza!

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading