Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Turakomeza icirwa cacu co kuzigama Ukwizera.

Uyu musi tugiye kuraba intambamyi z’ikwizera.

1. Ugukekeranya.

Yakobo 1:6-8 Arikw asabe yizeye, ata co akekeranya, kuk’ ukekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, utwarwa n’umuyaga, usimbaguritswa. 7 Uyo muntu yoye kwiyumvira kw ari n’ic’ azohabga n’Umwami Imana, 8 kukw ar’ umuntu w’imitima ibiri, adaguza mu nzira ziwe zose.

Gukekeranya ni ikirwanishwa ca Satani ni naco yakoresheje mu kurwa kwa Adamu na Eva. Yabateje gukekeranya kuvy’Imana yavuze.

Itanguriro 3:1b Ibaza uwo mugore, iti Mbega n’ivy’ ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’ iri tongo?

Gukekeranya kwabo kwabashikanye gukor’icaha.

2. Gukura amaso kuri Yesu tukayashira ku bibazo.

Matayo 14:28-31 Petero aramwishura, ati Mushingantahe, asangwa ari wewe, mbarira nze ah’ uri ku mazi. 29 Na we ati Ngo. Petero yururuka mu bgato, agendesha amaguru ku mazi, ngw aje aho Yesu ari. 30 Abonye igihuhuta, aratinya, atanguye kuroka arataka, ati Ntabara Mugenzi. 31 n Buno Yesu aramvura ukuboko, aramucakira, aramubgira, ati Yewe w’ukwizera guke, n’iki cagukekeranishije?

Kuraba ibibazo kuvyar’ubwoba, ariko kuraba Yesu bitumar’ubwoba. Ubwoba nabwo n’umwansi wo kwizara kuko ubwoba bujana no gukekeranya.

Naho duca mu bikomeye, tugumiz’amaso yacu kuri Yesu twirinde gukekeranya kuc’Imana yavuze.

Umusi mwiza !  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading