Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Uyu musi tugiye kuraba insobanuro y’umutima umenetse, ujanjaguritse.

1. Umutima wihana.

Iyo umuntu yakoze icaha, umutima urababara, uwo mubabaro usunikira umuntu kwicuza no kuj’imbere y’Imana akayiririra, asab’imbabazi kugira agume mû migenderanire myiza n’umuremyi wiwe.

2 Ab’i korinto 7:10 Umubabaro wo mu buryo bg’Imana utera ukwihana kuticuzwa, kuzana agakiza : arik’ umubabaro wo mu buryo bg’isi utera urupfu.

2. Umutima w’ukuri.

Umutima umenetse usunikira uwakoz’icaha kuvugish’ukuri ashitse imbere y’Imana. Kutagir’uburyarya imbere y’Imana.

Zaburi 51:6 Raba, ugomba ukuri hirya mu mutima, Mu bgigobeko bgawo uzommenyesha ubgenge.

Uwo mutima niwo umwami Dawidi yasenganye muri Zaburi ya 51 igihe yari yakoze icaha c’ubusambanyi, kubesha no kwica.

Dusab’Imana iturememwo umutima umenetse, ujanjaguritse!

Umusi mwiza ! 

Pasteur Cassien NIKO 

 67 total views,  1 views today

Leave a comment