Shalom!
Uyu musi tugiye kuraba ibituma tudakwiye gutinya.
1. Iman’iri kumwe natwe.
Yesaya 41:10a ” ntutinye, kuko ndi kumwe nawe ;“
Kubaho kw’Imana ( sa présence) kurakwiye gutuma tudatinya kuko ibibazo vyose vyokwaduka turi mû rugendo, Iman’ibifitiye inyishu.
Kuvayo 14:15&16 “Uhoraho abaza Mose, ati N’iki gitumye untakira? Barira Abisirayeli bakomeze bagende. 16 j Nawe umanike inkoni yawe, uramvure ukuboko hejuru y’ikiyaga, ugitandukanye: Abisirayeli bace hagati mu kiyaga nko ku musozi .“
Ab’Isirayeli bashitse imbere y’ikiyaga gitukura, Farawo n’ingabo ziwe bari inyuma yabo, Imana kuko yari ihari yabaciriy’inzira mû kiyaga, ahar’ubwoba hahinduka indirimbo y’ishimwe.
Kuvayo 15:1 “Maze Mose n’Abisirayeli baririmbira Uhoraho iyi ndirimbo,
bati Ndaririmbira Uhoraho, kukw ari n’intsinzi y’agahebuza.
Ifarasi n’uyigenderako yabinuze mu kiyaga.“
2. Kuko tur’ab’Imana.
Yesaya 41:10b ” ntukihebure, kuko nd’ Imana yawe :“
Kwibuka kwonyene ko tur’ab’Imana kurakwiye kugira ntitwihebure. Tur’ab’agaciro imbere y’Imana yacu ku buryo itokwemera ko Satani adukura mû kuboko kwiwe kw’Inkomezi.
Yohana 10:27-29 “Ababaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira, 28 t kandi nanje mbaha ubugingo budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi nta wushobora kubanshikura mu kuboko kwanje. 29 Data yabampaye ni we aruta bose; nta wushobora kubashikura mu kuboko kwa Data .“
Ico dukwiye kurondera imisi yose, n’ukuguma ku ruhande rw’Imana kuko hari isezerano rya ” Ntutinye” incuro 366 muri Bibiliya, vyumvikana ko umusi wose wo mû mwaka, ufise ntutinye wawo.
N’uyu musi ntitinye!
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO