Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Uyu musi tugiye kuraba ibisabwa kugira Imana itabare:

1. Kuyambaza.

Zaburi 118:5 Hamwe nari mu mubabaro, nambaje Uhoraho: Uhoraho aranyitaba, anshira ahantu hagutse.

Iyo tuyambaje mû gihe c’umubabaro, Imana iratwitaba kandi igakora ibihuriranye n’ukw’ishaka.

Ikosa twokora n’ukuba mû mubabaro ntidusenge, ugasanga turiko turiganyira, twidodomba n’ibindi. Ariko igikorwa dukwiye gukora mû gihe nk’ico ni ugusenga, tukambaza Imana.

Yakobo 5:13a Muri mwebge ni haba harih’ ubabaye, n’asenge;

2. Ukwizera.

Yohana 11:40 Yesu aramubgira, ati Sinakubgiye nti Ni wizera urabona ubgiza bg’Imana?

Mariya na Marita bamaze kwambaza Yesu mû mubabaro barimwo wo kubura Lazaro musaza wabo, basabwe kwizera.

Natwe nico Imana idusaba igihe cose tuyambaje.

N’igiki kikubabaje uyu musi  ? Senga wongere wizere Yesu aratabara .

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading