Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Uyu musi tugiye kuraba ibiranga umutima umenetse.

1. Kwicisha bugufi.

Luka 18:9-14 Uyu mugani na wo awucira abiyizigira ubgabo ko bagororotse, bagakengera abandi bose. 10 At’ Abantu babiri baduze baja mu rusengero gusenga, umwe yar’ Umufarisayo, uwundi yar’ umutozakori. 11 c Umufarisayo ahagaze asengera ku mutima wiwe, ati Mana, ndagushimye yuko ntameze nk’abandi bose, abanyazi, cank’ abagabitanya, cank’ abasambanyi, canke n’abameze nk’urya mutozakori. 12 d Mu misi ndwi yose nisonzesha kabiri, ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose. 13 e Ariko wa mutozakori, ahagaze kure, ntiyagomba no kurangamiza ngw arabe mw ijuru, arikw arishishitira, ati Mana, ngirira ikigongwe, nd’ umunyavyaha. 14 f Ndababgire, Uwo muntu yamanutse aja i we, atsindanishirijwe kuruta wa wundi; kuk’ uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, arik’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru .

Ukwicisha bugufi kw’uyu mutozakori kwatumye ava imbere y’Imana atsindanishirijwe kurusha umufarisayo yishize hejuru.

Yakobo: 4:6 Arikw itanga ubuntu burushirije. Ni co gituma ivuga, it’ Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu .

Imana idushobozi kwicisha bugufi kugira ntitwisange mû kibanza c’uko Imana iturwanya bivuye ku kwishira hejuru.

Umusi mwiza ! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading