Shalom !
Uyu musi tugiye kuraba ibiranga umutima umenetse.
1. Kwicisha bugufi.
Luka 18:9-14 “Uyu mugani na wo awucira abiyizigira ubgabo ko bagororotse, bagakengera abandi bose. 10 At’ Abantu babiri baduze baja mu rusengero gusenga, umwe yar’ Umufarisayo, uwundi yar’ umutozakori. 11 c Umufarisayo ahagaze asengera ku mutima wiwe, ati Mana, ndagushimye yuko ntameze nk’abandi bose, abanyazi, cank’ abagabitanya, cank’ abasambanyi, canke n’abameze nk’urya mutozakori. 12 d Mu misi ndwi yose nisonzesha kabiri, ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose. 13 e Ariko wa mutozakori, ahagaze kure, ntiyagomba no kurangamiza ngw arabe mw ijuru, arikw arishishitira, ati Mana, ngirira ikigongwe, nd’ umunyavyaha. 14 f Ndababgire, Uwo muntu yamanutse aja i we, atsindanishirijwe kuruta wa wundi; kuk’ uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, arik’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru .“
Ukwicisha bugufi kw’uyu mutozakori kwatumye ava imbere y’Imana atsindanishirijwe kurusha umufarisayo yishize hejuru.
Yakobo: 4:6 “Arikw itanga ubuntu burushirije. Ni co gituma ivuga, it’ Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu .“
Imana idushobozi kwicisha bugufi kugira ntitwisange mû kibanza c’uko Imana iturwanya bivuye ku kwishira hejuru.
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO