Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Turakomeza kwiga ku kuzigama ukwizera.

Uyu musi tugiye kuraba ibikomeza ukwizera.

1. Kwumv’ijambo ry’Imana.

Abaroma 10:17 Nuk’ ukwemera kuva ku kwumva, n’ukwumva kuzanwa n’ijambo rya Kristo.

Guha amatwi yacu kwumva ijambo ry’Imana ni ukugaburira no gukuza ukwizera muri twebwe. Aha rero bica mû kuryisomera canke kwumviriza inyigisho z’ijambo rizima. Uko umuntu arizirikanako, akaryihererezako, akemera rikamuhindura, bikomeza ukwizera.

2. Gukora wisunz’ijambo ry’Imana.

Yakobo 2:22 Ntubona yuk’ ukwizera kwafatanije n’ibikorwa vyiwe, kandi k’ukwizera kwahinguwe rwose n’ibikorwa ?

Ukwizera kugaragarira mû bikorwa kandi kukongera kugahingurwa n’ibikorwa.

Ukwizera gusunikira umuntu gukora nk’uko Ijambo ry’Imana rimubwira, amaze kubikora ukwizera kwiwe kurakura, agakora ibirengeye ivya mbere kuko no kwizigir’Imana kuraduga.

Ukwizera n’ibikorwa birafatanye nk’uko umubiri n’impwemu bifatanye.

V26  Nk’uk’ umubiri utarimw’ impwemu uba upfuye, ni k’ukwizera kutagira ibikorwa kumera, kuba gupfuye .

Tumeny’uruhara rwacu mû kwiyubaka mû kwizera hanyuma turukore!

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading