Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Uyu n’umusi 30 wo gusenga

Uyu musi tugiye gushingura akarimbi kose Satani yadushingiye.

Kuvayo 8:28 Farawo aramwishura, ati Ndabaretse mugende, kugira ngo mushikanire Uhoraho Imana yanyu ibimazi mu bugaragwa: mugabo ntimuje kure cane; kandi munsabire.

Abakristo benshi babayeho ubuzima bwo kudashika kure mû kunywana na Kristo. Barasenga ariko ntibashika kure, barakizwa ariko ntibahinduka, barasoma ijambo ry’Imana canke bakaryumva ariko ntibarigira ubuzima bwabo, benshi baguma mû kibanza co hagati na hagati, bahisemwo ubuzima bw’akazuyazi.

Uyu musi dutahure ko ubwo buzima ataribwo uwaducunguye adushakamwo, arashaka ko dushika kure mû kumumenya no kunywana nawe, tukabaho twidegemvya muvyo dukora canke vyose, uyu musi dushingure akarimbi ( limitation) umwansi yadushingiye. Ntidukorere mû buja bwiwe.

Zaburi 137:1-3 Ku nzuzi z’i Babuloni Ni ho twahora twicara, mbere tugaturika tukarira, Twibutse i Siyoni. 2 Ku biti vyaho Ni ho twari tumanitse inanga zacu. 3 Kukw abatwambukanye tur’ inyagano batugomberakw indirimbo aho hantu, Abatugaraguza agati batugombakw akanyamuneza, Bati Ni muturirimbire ku ndirimbo z’i Siyoni. 4 Mbega tworirimba dute indirimbo y’Uhoraho Turi mu mahanga?

Turwan’urwo rugamba rw’impwemu twibohore. 

2 Abo i Korinto 10:4 kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ ivyo mu buryo bg’umubiri, arikw imbere y’Imana bifise ubushobozi bgo gushingura akarimbi,

Umusi mwiza !  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading