Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom!

Uyu n’umusi ugira 24 wo gusenga.

Uyu musi tugiye gusengera Ishengero rigumane urukundo rwa mbere kuri Kristo.

Ivyahishuriwe Yohana 2:1-5 Andikira umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso, ut’ Ufashe inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo, akagendera hagati y’ibiterekwakw amatara indwi vy’izahabu, aravuga ibi, 2 b ngo Ndazi ibikorwa vyawe n’ubutame bgawe n’ukwihangana, kandi yuk’ udashobora kwirengagiza ababi, ariko wagenzuye abiyita intumwa kand’ atari zo, usanga n’abanyabinyoma. 3 Kand’ ugira ukwihangana, wirengagije ivy’ ugirirwa kw izina ryanje, ntiwacobogora. 4 Ariko mfise ico nkugayako, yuko waretse urukundo rwawe rwa mbere. 5 Nuko ni wibuke aho wavuye ukagwa; wihane, ukore ibikorwa nk’ivya mbere. N’utagira urtyo, nzoza muri wewe nkure igiterekwakw itara cawe ahantu haco, shiti wihannye.

Iri shengero ryo muri Efeso, Yesu yararizi, yarazi ivyiza ribamwo vyotuma rishimwa, ariko ryisanze ryaguye mû mutego wo gutakaza urukundo rwaryo rwa mbere kuri Kristo.

Gutakaza urukundo rwa mbere vyagaragarira mû kudaha agaciro ivyo Kristo ariko akorera hagati yaryo, mû mwete muke wo gusenga, gusoma ijambo ryiwe, kumushingir’intahe no kwanka icaha.

Iyo umuntu atakaje ibi bintu n’uko haba har’ibindi yahaye agaciro kandi imbere ya Kristo n’icaha.

Reka natwe uyu musi twisuzume nk’Ishengero ry’iki giha turabe ko tugifise urukundo rwa mbere twakunda Kristo. Rya shaka ryo gusenga, wa mwete wo gukunda ijambo ryiwe, kubana n’abandi mû makoraniro, wa mwete wo kumushingir’intahe mû batamuzi, rya shaka ryo kwanka icaha, …..

Twihane kugira Kristo agumizeho igiterekwakw’itara muri twebwe, ubukristo bwacu buguman’agaciro imbere ya Kristo.

Umusi mwiza! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading