Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Uyu n’umusi ugira 31 wo gusenga. 

Uyu musi tugiye gusambura ikintu cose kirwanya kumenya Imana aho tubaye.

2 Abo i Korinto 10:4-6 kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ ivyo mu buryo bg’umubiri, arikw imbere y’Imana bifise ubushobozi bgo gushingura akarimbi, 5 dushingura impari n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana, dufata mpiri ivyiyumvirwa mu mitima vyose, ngo tubigomorere Kristo. 6 d Kandi twiteguye guhana ubutumva bgose, aho mwebge muzogirira ukwumva gushitse.

Tugomba gusuzuma aho tubaye tukamenya ibirwanya kumeny’Imana mû bantu. Bishobora kuba ari imico mibi, inyigisho zitari zo, ivyiyumviro binyuranye n’ukuri, ivy’abantu bageze bibi,…

Ivyo vyose tugomba guhangana navyo mû gusenga tukabisambura. 

Yeremiya 1:10 Raba uyu musi ngushizeho kugira ubushobozi ku mahanga no ku bihugu vy’abami, bgo kurandura no gusangangura, guhonnya no gukomvomvora , bo n’ukwubaka no guteragira.

Ubushobozi Imana yarabuduhaye bwo kurandura no guhonya ikintu cose Imana itateye. Dufat’akanya ko kubisuzuma no kubisangangura mû gusenga.

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading