Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom!! 

Uyu n’umusi ugira 26 wo gusenga.

Uyu musi dusengere ubumwe bw’Ishengero.

Ivyahishuriwe Yohana 7:9 Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharura, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe:

Naho kuri ino si hari ibitandukanya abantu vyinshi, amahanga, imiryango, amoko, indimi,… Ishengero Kristo yapfiriye ni rimwe kandi imperuka rizoja kubana n’uwaricunguye mw’ijuru ibihe bidashira.

V13-V17 Umwe muri ba bakuru arambaza, at’ Aba bambaye imvune zera ni ba nde, kandi bavuye hehe? 14 g Ndamwishura, nti Mugenzi, ni wewe wobimenya. Arambgira, at’ Aba n’abavuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi. 15 h Ni co gituma baba imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro: kand’ Ivyagiye kur’ irya ntebe izosanza ihema ryayo hejuru yabo. 16 i Ntibazoba bakigira inzara ukundi, kandi ntibazoba bakigira inyota ukundi, kand’ izuba ntirizobarabika cank’ indugumba yose, 17 j kuko wa Mwagazi ari hagati ahahanganye n’iyo ntebe, azobaragira, kand’ azobashora ku masoko y’amazi y’ubugingo; kand’ Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.

Turavye iki gicapo nta kintu na kimwe cotumye haba amacakubiri mû mashengero no kutumvikana nk’uko tubibona uyu musi mû ndyane zirangwa mû barongoye amashengero canke hagati y’amashengero.

Dusab’Imana izane guhumuka amaso no gukundana ku bantu bose bari mû mashengero atandukanye kuko iyo turiko turaja ni hamwe. Dufise ijuru rimwe n’umwami umwe yaducunguj’amaraso yiwe.

Umusi mwiza! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading