Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Uyu n’umusi ugira 33 wo gusenga.

Uyu musi dusabire amahoro, itarambere no kugubwa neza aho tubaye.

Zaburi 122:6-9 Ni musabire Yerusalemu amahoro;Abagukunda batotahare. 7 e Amahoro abe imbere mu nzitiro zawe, Itoto ribe mu ngoro zawe. 8 f Kubga bene Data na bagenzi banje Ndavuga, nt’ Amahoro abe muri wewe. 9 Kubg’ ingoro y’Uhoraho Imana yacu Nzokwendeza ivyiza.

Imana yadushize mû bisagara turimwo ngo tube umugisha waho. Yesu yagereranije abamwizera n’umunyu w’isi, uzana uburyohe aho tubaye.

Kubera Ishengero rikiri mw’isi, amahoro, itarambere no kugubwaneza bigomba kubaho kubw’amasengesho y’abera.

Tugomba rero natwe kumenya uruhara rwacu ku biba aho turi rwo gusenga kuko gufise ikimazi imbere y’Imana.

Yakobo 5:16-18 Mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire, kugira ngo mukire indwara. Ugusaba kw’umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo. 17 n Eliya yar’ umuntu ameze nkatwe, asaba yinginga ngw imvura ntigwe, imvura imara imyaka itatu n’amezi atandatu itagwa mu gihugu; 18 o yongera gusaba, ijuru rirekura imvura, isi imeza imirima yayo.

Uyu musi n’ivyiza biki wifuza kubona bibaye aho ubaye? Fata akanya ko kubisaba Imana kuko ugusenga kwawe n’ukw’ikimazi imbere y’Imana.

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading