Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 😀

Uyu n’umusi ugira 18 wo gusenga.

Uyu musi dusab’Imana ikureho amahohotera ( violences) mu miryango.

Abanyefeso 6:1-9 Bana, mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kukw ivyo ari vyo bigororotse. 2 b Wubahe so na nyoko: ico ni co cagezwe ca mbere kirimw’ isezerano, 3 c kugira ng’uronke amahoro, urambire kw isi. 4 d Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanura, uk’ Umwami wacu agomba.
5 e Bagurano, mwumvire ba shobuja bo ku mubiri, nk’uko mwumvira Kristo, mububashe muhinda agashitsi, mutagira ubupfunya mu mitima yanyu. 6 Ntimubakorere bakibahagarikiye, nk’abanezereza abantu, ariko mubakorere nk’abagurano ba Kristo, mukora ivy’ Imana igomba bivuye ku mutima. 7 Mubakorere mushize icira, nk’abakorera Shobuja mukuru, ntimube nk’abakorera abantu. 8 f Kuko muzi yuk’ umuntu wese iy’ akoze iciza, azocishurwa na Shebuja mukuru, n’iyo yoba umugurano cank’ uwidegemvya. 9 g Namwe ba shebuja, mubagirire murtyo nyene, mwirinde kubakangisha, kuko muzi yuko Shobuja musangiye ari mw ijuru, kandi ntarobanura abantu ku butoni.

Paulo ahanura abana, abavyeyi, n’abashumba kugiriranira umubano mwiza kugira ntihabeho amahohotera ( violences) hagati hamwe n’abandi mu miryango. Abana bashobora kugabira abavyeyi canke abavyeyi bagahohotera abana. Abakozi bo mu nzu bashobora kwitwara nabi canke ba shebuja bakabafata nabi,…

Inyifato yose ibera mu miryango Imana irayitegereza kandi biyiraza ishinga, ikababara mu gihe bitameze neza, kandi bikazana icuka kibi mu miryango, Satani akabona aho yinjirira ngo asambure imiryango.

Dusuzume aho tubaye ingene bimeze, dushimir’Imana ibigenda neza, dusab’imbabazi ku bitameze neza, hama duhindure ibikwiye guhinduka.

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO 

Loading