Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom ! 
Uturorero tw’ingene Imana ikora ibitoshobokera abantu. Igice ca 3. 
3. Akarorero ko kuri Lazaro.
Yohana 11: 38-44 Yesu yongera kugira ikigumbagumba mu mutima, ashika ku mva; kandi yar’ isenga yugajwe ikibuye. 39 s Yesu aravuga, ati Ni mukureh’ iryo buye. Marita mushiki w’uwapfuye, aramubgira, ati Mugenzi, ereg’ ubu aramaze kunuka, kw amaze imisi ine. 40 t Yesu aramubgira, ati Sinakubgiye nti Ni wizera urabona ubgiza bg’Imana? 41 Nuko bakurah’ ikibuye. Buno Yesu ararangamiza, ati Data, ndagushima ko wanyumvirije. 42 u Jewe nari nsanzwe nzi k’unyumviriza ubudasiba, ariko mbivugishijwe n’ishengero rihagaze ngaha, kugira ngo bizere kw ari wewe wantumye. 43 Amaze kuvuga ivyo, asemerera n’ijwi rirenga, ati Lazaro, ngwino, sohoka. 44 Uwari yapfuye arasohoka, azingiriwekw impuzu ku maguru no ku maboko, n’igitambara gipfutse mu maso hiwe. Yesu arababgira, ati Ni mumuhamburure, mumureke, agende.
Yesu ashitse ku mva ya Lazaro, yasavye ko bakuraho ikibuye cari ku mva y’uwumaze kane yapfuye. Marita mushiki wa Lazaro yibutsa Yesu ko amaze kunuka, ni nk’aho yaramukebuye ko bidashoboka ko azuka.
Ariko kuku ibitoshobokera abantu bishobokera Imana, Yesu yarazuye Lazaro asubira kuba muzima.
N’uyu musi Yesu niwe kuzuka n’ubugingo, tumwizeye ntakitomushobokera.
Yohana 11:25 Yesu aramubgira, ati Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Unyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho;
 

Umusi mukuru mwiza wa Ascension !
Pasteur Cassien NIKO

Loading