Shalom !
Uturorero tw’ingene Imana ikora ibitoshobokera abantu. Igice ca 2
2. Akarorero ko kuri Mariya.
Luka 1:41-42 “Maze Elisabeti yumvise indamukanyo ya Mariya, inda ikinagira muri we, Elisabeti yuzuzwa Mpwemu Yera, 42 s avuga n’ijwi rirenga, ati Mu bagore urahiriwe, n’imbuto yo mu nda yawe irahiriwe.”
Mariya yabwiwe ko agiye gusam’inda ari isugi kandi atamenye icitwa umugabo. Abwirwa ko Mpwemu Yera azomuter’igitutu.
Kandi mur’iyo mirongo duhejeje gusoma turabona ko yahuye na Elisabeti vyamaze kuba umwana ari mû nda.
Ijambo ryose rivuye ku Mana rigira ububasha bwo gukora ibirengeye ivyo dushobora gutahura.
Luka 1: 37 ” kukw ata jambo rivuye ku Mana ribura ububasha .”
Ico duhamagarirwa ni ukwizera no kwakira ic’Imana ivuga nka Mariya.
V38a “Mariya aramubgira, at’ Ehe nd’umugurano w’Umwami Imana, bimbere ukw ijambo ryawe rivuzwe.“
Umusi mwiza !
Receive Jesus
Pasteur Cassien NIKO
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit