Shalom !
Uturorero tw’ingene amasengesho ashingura akarimbi. Igice ca 2:
2. Ugusenga kw’abayuda igihe ca Esiteri.
Esiteri 9:20-23 “Maze Moridekayi yandika ivyabaye, Abayuda bose bari mu bihugu vyose umwami Ahasuwerusi aganza, abarungikira ivyete, abari hafi n’abari kure, 21 ashinga ng’umusi w’icumi na kane n’uw’ icumi na gatanu w’ukwezi kwitwa Adari, bayigire imisi mikuru, uk’ umwaka utashe; 22 j kuba icibutso c’imisi Abayuda baruhukiyekw abansi babo, n’ukwezi kwabahindukiye ukw’ umunezero mu gishingo c’umubabaro, bakaronka umusi mwiza mu gishingo c’uwo kugandarako; kand’ ababarira ko bayigira imisi yo gutumiranako no kunezerwa, n’iyo kugemuriranirako no kugabira aboro. 23 Nukw Abayuda bemera kwama babigenza nk’uko babitanguye, kandi nk’uko Moridekayi yabibandikiye; “
Hamani amaze gusinyisha ko abayuda bicwa bose mû bihugu vyose umwami Ahasuwerusi atwara, abayuda basenze bisonzesheje imisi itatu.
Ayo masengesho yatumye Esiteri umwamikazi agira ubutoni imbere y’umwami, aca mû cagezwe areguka imbere y’umwami atatumweko aho kwicwa abona gusabira ubwoko bwiwe.
Amasengesho yatumye Hamani amanikwa ku giti yari yateguriye Moridekayi, uyu Moridekayi aca aba ukomeye mû gishingo ca Hamani.
Amasengesho yatumye abayuda aribo bageseza abari bateguye kubica, umusi wari kuba uw’amarira, ucika uwo umunezero.
Reka natwe dusenge ivyari nk’imisozi imbere yacu bihinduke ingazi yo kutwinjiza mû munezero n’amashimwe!
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO