Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
1. Esiteri
Esiteri 4:14-16 “Kuko ni wapfa kwiyumya mur’ iki gihe, nta kizobuza Abayuda gutabarwa bakarokoka, ariko bivuye ahandi; ariko weho n’ab’ inzu ya so muzohona. Nta wubizi, kumbure icakwimitse ng’ube umwamikazi n’ukugira ng’uz’ useruke mu gihe gisa n’iki! 15 Maze Esiteri arabatuma yishura Moridekayi, 16 g ati Genda ukoranirize hamwe Abayuda bose bar’ i Shushani, mwisonzeshe kubganje, mumare imisi itatu ku murango no mw ijoro mutagira ico murya canke munywa; nanje twe n’incoreke zanje tuzokwisonzesha durtyo nyene, mpeze mbone gushika ah’ umwami ari, nah’ ar’ uguca mu cagezwe: kandi namba ndamukiwe no gupfa, mpfe! “
Esiteri amaze gutahura ko icatumye aba umwamikazi ari ukugira ashobore gusabira ubwoko bwiwe ntibuhonywe, yafashe ingingo yo guca mu cagezwe c’Umwami kubwo kwizigir’Imana, ntiyatinya no gupfa.
Kandi kuko cari igihe co kurabwa neza, Umwami amubonye, Esiteri agir’ubutoni imbere yiwe, amuha akaryo ko kumusaba ic’ashaka.
Esiteri 5:2-3 “Nuk’ umwami abonye umwamikazi Esiteri ahagaze mu karusha, Esiteri agira ubutoni imbere yiwe; umwami atunga Esiteri inkoni y’izahabu yar’ afise mu minwe. Maze Esiteri aca yigira hafi, akora ku mutwe w’iyo nkoni. 3 b Nuk’ umwami aramubaza, at’ Uragomba iki ga mwamikazi Esiteri? Urasaba iki? Ndakiguha, n’iyo coba igisate c’igihugu canje.”
Reka natwe dutahure igihe turimwo, dushir’ubwoba kandi twidegemvye imbare y’Imana mû gusaba binini kandi vy’akamaro.
Zaburi 2:8 “Nsaba, nzoguha amahanga, az’ abe umwandu wawe, N’impera z’isi zize zibe ishamvu yawe.”

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading