Shalom !
Uturorero tw’abatahuye igihe barimwo bagihagararamwo neza.( igice ca 2)
2. Eliya
1 Abami 18:36-39 “Maz’ igihe co gutanga ikimazi ca ni kera kigeze, uwo muvugishwa n’Imana Eliya yigira hafi, aravuga, at’ Ewe Uhoraho, Mana ya Aburahamu na Isaka na Isirayeli, uyu musi bimenyekane kw ari wewe Mana mu Bisirayeli, nanje ko nd’umusavyi wawe, kandi ko nkoze ibi vyose kubg’ ijambo ryawe. 37 Unyumvire se, ewe Uhoraho, unyumvire kugira ngw aba bantu bamenye kw ari wewe Mana, ewe Uhoraho, kandi kw ari wewe ugarukana imitima yabo. 38 o Maz’ umuriro w’Uhoraho uca uratibuka, uturira ikimazi co kwoswa na za nkwi na ya mabuye n’umukungugu, urigata na ya mazi yari mu muvo. 39 Maz’ abantu bose babibonye, barunama bashika hasi, baravuga, bat’ Uhoraho ni we Mana, Uhoraho ni we Mana!”
Umuvugishwa n’Imana Eliya amaze gutahura ko ari igihe c’uko Imana ishaka kugarukana imitima y’abisirayeli ikava inyuma ya Bayali na Ashera, yateguye agahinyuza i karumeli.
Eliya amaze gusenga umuriro uratibuka, ababibonye barunama bemera ko Uhoraho ariwe Mana, ahonya abavugishwa ba Bayali na Ashera, ibigirwamana vya Yezebeli na Ahabu umwami.
Natwe dusenge twisunze ivy’Imana ishaka ntibizodusaba kuruha cane nk’uko na Eliya atabanje kuruha mw’isengesho ryiwe, Imana igashitsa ico asavye.
Abanyefeso 5:17 “Nuko ntimube ibipfu, ariko mutahure ivy’ Umwami wacu agomba ivy’ari vyo.”
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO