Shalom!
Uturorero tw’abanyoye ku rukundo rw’Imana.
1 . Pawulo.
Abaroma 8: 28 “Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abahamagawe nk’uko yabigabiye. “
Iyo umuntu yanyoye ku rukundo rw’Imana, ikimubako cose, amenya ko mû gihe ata ruhara rubi yashizemwo, Imana imukunda ko naho vyoba ari bibi mû maso yiwe, Imana imufitiye imigabo yo kumugirira neza, akamenya ko ikiva ku Mana cose ari ciza kuri we.
2. Yobu.
Yobu 42: 1-2 “Maze Yobu yishura Uhoraho, 2 a ati Nzi yuk’ ushobora vyose, Kandi kw ata gishobora kubuza imigabo yawe.“
Yobu ukuri yarazi kandi yatura ku Mana yiwe ni uko Imana ishoboye vyose, kandi ko imigambi y’Imana kuri we ari myiza!
Ku banyoye ku rukundo rw’Imana, bagira ivyiyumviro vyiza ku Mana, bakamenye ko Imana yigenga kandi ko ishoboye vyose!
Ic’ishatse gukora iragikora, ic’idakoze naco n’uko iba ifise impamvu nziza ku buzima bwacu. Ico duhamagarirwa ni kuyishimira no kuyiha icubahiro muri vyose, no mû gihe cose!
Ndifurije umw’umwe wese kunywa no guhazwa n’urukundo rw’Imana muri vyose, no mû bihe vyose!
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO