Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom!
Uturorero tw’abantu Imana yagiye igaragaza ivyo yabashizemwo mu bihe bidasanzwe: Igice ca 1&2

1. Akarorero ka Nowa.

Itanguriro 6:5-8″Nuk’ Uhoraho abona ibibi vy’abantu ingene ari vyinshi mw isi, kandi kw ivyiyumviro vy’imitima yabo vyamogoreye gukora ibibi gusa na ntaryo. 6 c Uhoraho yicuza ico yaremeye abantu mw isi, bimutera intuntu mu mutima. 7 Uhoraho aravuga, at’ Abantu naremye nzobamara mw isi, uhereye ku muntu n’igikoko n’icikwega n’ikiguruka mu kirere: kuko nicujije ico nabiremeye. 8 d Ariko Nowa we Uhoraho aramushima.”

Nowa yagendanye n’Imana mu gihe abo urunganwe rwiwe bariko barononekara, bituma Imana imukoresha mu mugambi ukomeye yari ifise wo guhana isi ikoresheje amazi.

V13-14″Imana ibarira Nowa, iti Ndamaramaje guherengeteza abari n’umubiri bose, kukw isi yuzuye umuryano kubgabo; nuko nzobarandurana n’isi. 14 Wibazire ubgato mu biti vyitwa goferu, ubucemw’ utwumba, ubuhome ishishi imbere n’inyuma…..”

Umugambi wo gutunganya ubwato wamaze imyaka 120, Nowa Imana igaragaza ubwizigirwa bwari muri we imbere y’abari mw’isi yose kuko cari igihe ciwe co gukoreshwa n’Imana.

Mu gihe cacu dukwiye kwama tubanze amatwi yo kwumviriza ic’Imana idushakako kugira tugikore, kimwe abantu bazotwibukirako umusi wa nyuma bariko baradusezera tuvuye mur’uyu mubiri.

Ikibazo wokwibaza uyu musi: mbega ku musi wanje wanyuma mvuye mu mubiri bazomvugako iki?
2 Akarorero ka Mose.

Kuvayo 3:7-10″Uhoraho aramubarira, ati N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise gutaka kwabo batakishwa n’ababakoresha babahindagiza; kuko nzi imibabaro yabo, 8 h kandi mmanukanywe no kubarokora, mbakure mu maboko y’Abanyegiputa, mbadugane, mbakure mur’ ico gihugu, mbajane mu gihugu ciza cagutse, gitemba amata n’ubuki, kibamw’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi. 9 i Nuko none ehe raba, ugutaka kw’Abisirayeli kwanshitseko, kandi nabonye agahahazo Abanyegiputa babahahaza. 10 j Nuko none ngwino, ngutume kuri Farawo, ukure abantu banje b’Abisirayeli muri Egiputa.”

Mose Imana yaramuzigamye arabaho mu gihe ata mwana w’umuhungu w’umuheburayo yari yemerewe kubaho.

Imuha kurererwa i bwami kwa Farawo kugeza ku myaka 40, aho yahunga akaja i Midiyani kubw’icaha yakoze co kwica umunyegiputa amuhoye ko ariko arahohotera umuheburayo.

Igihe kigeze co gukura ab’isirayeli mu buja niwe Imana yaciye ituma kuko yari yaramuteguriye kuzokora ico gikorwa atabizi kandi yarabikoze.

Ico twotahura n’uko ikitubako cose mu buzima Imana iba iriko iradutegura kugira izodukoreshe mu gihe yo nyene yashinze. Ntitwicire inzira, ariko twige guha agaciro no gukorera mu gihe c’Imana.

Umusiguzi 3:11a” Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco:”

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading

Leave a comment