Shalom !
Uturore tw’ingene Imana ikora ibitoshobokera abantu.
1.Akarorero ko kuri Sara
Itanguriro 21: 1-7 “Uhoraho agendera Sara nk’uko yavuze, kand’ amugirira nk’uko yamubariye. 2 b Sara asama inda, avyarana na Aburahamu umuhungu mu butama bgiwe, mu gihe cashinzwe, kimwe Imana yari yaramubariye nyene. 3 c Umwana Aburahamu yavyaye amwita Isaka, uwo yavyaranye na Sara. 4 d Aburahamu akeba Isaka umwana wiwe amaze imisi munani avutse, nk’ukw Imana yamubariye. 5 e Aburahamu yar’ amaze imyaka ijana igihe yavyara umwana wiwe Isaka. 6 f Sara aravuga, at’ Imana irantwengeje; kand’ abazovyumva bose bizobatwenza nkanje. 7 Ati Har’ uwogize ico abarira Aburahamu, ngo Sara azokwonsa abana? yamar’ amvyayek’ umwana w’umuhungu mu butama bgiwe.“
Aburahamu yavyaye Isaka amaze imyaka 100, Sara nawe 90. Ku bantu ntivyari gushoboka ku buryo na Sara yavuze ko uwuzovyumva azotwenga.
Imana yakoze ivyo kuri Sara na Aburahamu niyo Mana yacu dusenga uyu musi ibitodushobokera, imbere yayo birashoboka.
Itanguriro 18:14a”Mbega har’ ikinanira Uhoraho?”
Umusi mwiza!
Receive Jesus
Pasteur Cassien NIKO
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit