Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Turangiza iri yinga, tugiye kurabira hamwe, uruhara rw’amahoro yo mû mutima mû gutandukanya ivyiyumviro bivuye ku Mana canke ibivuye kuri Satani.

Amahoro n’ikimenyetso c’aho Imana iri nico gituma ahari icaha ata mahoro.

Yesaya 48:22 Nta mahoro y’abanyavyaha, ni k’Uhoraho agize.

Mû vyiyumviro vyinshi bica mû mitwe yacu, Yesu yaduhaye ikimenyetso c’amahoro kugira dutandukany’ibivuye kuri we n’ibitamuvuyeko. Amahoro yagereranijwe n’umuteramyi w’umutima.

Abo i Filipi 4: 7 Maz’ amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu .

Umuntu wese agomba kugendana n’Imana agomba kugenzura iki kimenyetso c’amahoro muri we kugira acubahirize. Ikimuha amahoro akagikora, ikimubujij’ amahoro akakireka. Kandi uwu mwimenyerezo nta wutowushobora awushizemwo ugushaka.

Week-end nziza!  

Pasteur Cassien NIKO 

Loading