Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom!  


Uruhara rwacu kugira tugire imico myiza!  
1. Guhitamwo ivyo dukwiye guha agaciro.
Ab’i Filipi 4:8-9 Ibisigaye bene Data, ivy’ ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose, ibigororotse vyose, ibitanduye vyose, ivy’ igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba harih’ ingeso nziza, ni haba hariho gushimwa, abe ari vyo mwiyumvira. 9 h Ivyo mwize, ivyo mwakiriye, ivyo mwumvise, ivyo mwambonanye, abe ari vyo mukora: ni ho Imana Nyen’ amahoro izobana namwe.
Turafise ubushobozi bwo guhitamwo ivyo dukwiye guha ikibanza mû vyiyumviro no mû bikorwa. Kuko uko umuntu yiyumvira niko amera.
Imico myiza umuntu aba ayizi hanyuma agafata ingingo yo kuyigenderamwo.
2. Kwimenyereza
1 Timoteyo 4:7-8 Arikw imigani ihumanya n’iy’ abakecuru ntuyemere. Wimenyereze kwubaha Imana; 8 e kuko kwimenyereza kw’umubiri kugira ikimazi kuri bike, ariko kwubaha Imana kugira ikimazi kuri vyose, kuko kuzana isezerano ry’ubugingo bga none n’ubuzoza.
Ukwimenyereza gushikana umuntu ku kugira akamenyero keza( bonnes habitudes). Uko umuntu akomeza ukwo kwimenyereza bikubaka imico myiza.
Duhitemwo ibidufasha kugira imico myiza, twimenyereze mpaka bicitse ubuzima (mode de vie).

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading