Shalom!
Uruhara rwacu kugira tubone Imana ikora mu buzima bwacu. Igice ca 1& 2
1. Kwizera ubushobozi bw’Imana
Mariko 9:17-24″Umwe mur’ iryo shengero aramwishura, ati Mwigisha, nari nakuzaniye umwana wanje, yinjiwemwo n’impwemu y’ikiragi. 18 Ah’ imufatiye hose, imutura hasi, akabimba ifuro, akazyegenya amenyo, akagenda ashira umunywera; mbarira abigishwa bawe ngo bayisende, irabananira. 19 Arabishura, ati Yemwe ab’iki gihe mutizera, nzogeza ryari kubana namwe? Nzogeza ryari kubihanganira? Ni mumunzanire. 20 Baramuzana. Iyo mpwemu imubonye ica iramujegeza cane, aratemba, arigaragura, abimba ifuro. 21 Yesu abaza se, at’ Amaze igihe kingana iki bimutera birtyo? Aramwishura, at’ Uhereye mu bgana bgiwe. 22 Kenshi cane imuta mu muriro no mu mazi ngw imwice. Ariko namba har’ ico woshobora, tugirire akagongwe udutabare. 23 g Yesu aramwishura, at’ Uvuze uti Namba wobishobora? Erega vyose bishobokera uwizeye. 24 h Se w’uwo mwana aca aturika cane, ati Ndizeye, fasha ukutizera kwanje.”
Umuvyeyi w’uyu mwana yaraboshwe n’impwemu ihumanye yaje kuri Yesu amubwira ati ” namba har’ico woshobora” bibabaza Yesu aca amubwira ko vyose bishobokera uwizera.
Uyu muvyeyi biraboneka ko yari yararuhishijwe n’igihe iyo mpwemu ihumanye imaze ku mwana wiwe, kandi n’abigishwa ba Yesu ikaba yari yarabananiye kwirukana.
Ariko ashitse imbere ya Yesu yarashoboye kubwira Yesu ko yizeye kandi umwana wiwe yaciye akira.
Umwanya muremure ikibazo kiba kimaze ntibisobanura ko bitagishoboka, ariko uyu musi dusabwa gusubira kuduza ukwizera imbere y’Imana ishoboye vyose, tutitaye ku ncuro twagerageje bikanka, biracashoboka.
2. Kuvugish’ukuri mu gusenga ( sincérité )
Yohana 20:24-25″Ariko Toma ari we Hasa, umwe wo muri bamwe cumi na babiri, ntiyari kumwe na bo aho Yesu yaza. 25 l Abandi bigishwa baramubgira, bati Twabonye Umwami. Na we arabishura, ati Ni ntabona inkovu z’imambo mu biganza vyiwe, ngo nkoze urutoke rwanje mu nkovu z’imambo, ngo nshire urushi mu rubavu rwiwe, sinemera .”
Toma amaze kubwirwa n’abandi bigishwa ko babonye Yesu, ntivyakunze ko yizera, kandi yaravugishije ukuri kwo mu mutima wiwe.
Inyuma y’imisi umunani biraboneka ko Yesu yasubiye kwiyeraka abigishwa ariko atumbereye cane Toma kugira nawe aduze ukwizera kwiwe.
V26-28″Maz’ imisi munani ishize abigishwa bari mu nzu ukundi gusha, na Toma bari kumwe. Yesu araza, inzugi zari zugaye, abahagarara hagati, at’ Amahoro abe muri mwebge. 27 Maz’ abgira Toma, ati Zana hano urutoke rwawe, urabe ibiganza vyanje; zana n’urushi, urushire mu rubavu rwanje, nta co uba utizera, arik’ ube uwizeye. 28 n Toma aramwishura, ati Mwami wanje, kandi Mana yanje.”
Toma amaze kumubona akanamukorako yaramwizeye ku buryo ryabaya iryambere amwita ” Mana yanje “
Mu bintu bituma Imana itunezerererwa ni kugira imitima y’ukuri imbere yayo. Kugira umutima w’ukuri bagaragaza ukuyizigira mu kuyisangiza ubuzima bwacu. Kandi iyo tuyugururiye ubuzima Imana irinjira ikabana natwe tukayibona mu bito na bikuru.
Ivyahishuriwe Yohana 3:20″ Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire .”
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO