Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom !

Turangiz’iyinga turaba ico abantu benshi bita kuvuka ubwa kabiri atarivyo.

1. Kubatizwa.
Akenshi abantu benshi bafata ko ababatijwe bavutse ubwa kabiri, bakabatizwa bambaye impuzu zera ko babaye abantu bashasha.

Ariko birashika umuntu akabatizwa ataravuka ubwa kabiri. Nk’akarorero, abana baba bavukiye mû nzu z’abakozi b’Imana bagakurira mû mashengero akwije imyaka 12 akenshi baca babatizwa mû mazi menshi, ugasanga ntiyigeze yifatira ingingo yo gukizwa nk’uko intambuko twabonye ziri.

Ariko mû bisanzwe cagomba kuba ikimenyetso co gupfana na Kristo no kuzukana nawe.

Abaroma 6:4  None rero kubatizwa kwatumye duhambanwa na we tuba mu rupfu rwiwe, kugira ngo, nk’uko Kristo yazuwe mu bapfuye n’ubgiza bga Data wa twese, abe ari ko natwe tugendana ubugingo busha.

2. Kuba dufise ivyo tujejwe mû mashengero.

Akenshi abantu bitirinya kuvuka ubwa kabiri n’amabanga umuntu aba ajejwe mw’ishengero, ariko dufatiye kuri Nikodemu, yar’umu farisayo akomeye, kandi n’umwigisha ariko ntiyari yaravutse ubwa kabiri.

Yohana 3: 9-10  Nikodemo aramubaza, at’ Ivyo bishoboka bite? 10 Yesu aramwishura, ati Ni wewe mwigisha w’Abisirayeli, kandi ntutahura ivyo?

Umwe wese asubiz’amaso inyuma arabe ikizwa ryiwe ingene ryagenze hama, ukuri tugezemwo ab’arikwo tugenderamwo.

Week-end nziza! 

Pasteur Cassien NIKO

 1,077 total views,  1 views today

Leave a comment